Ibirwanisho biturika muri Bujumbura

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ibirwanisho biturika vyumvikanye hafi ya radio y'igihugu

Icegera c'umuvugizi w'igipolisi Pierre Nkurikiye, avuga ko ari umupolisi yikanze, akarasa, amaze kurasa abandi bajejwe umutekano bari muri ico kibanza co kuri radio bararasa.

Haratewe kandi grenade ku biro vy'ahakorera Jérémie Minani, umuvugizi w'abiyemeje kugwanya ikiringo ca gatatu c'Umukuru w'Igihugu Petero Nkurunziza.

Uwo munyaporitoke, avuga ko ico gitero gifitaniye isano n'urugamba arimwo na bagenziwe.

Icegera c'umuvigizi w'igiporisi amenyesha ko amatohoza yatanguye ku bijanye n'ayo ma grenade.

Hari n'izindi zaraye zitewe mu Nyakabiga hamwe no ku Musaga aho mbere mu gatondo habaye imyiyerekano hagati mu ma karitiye, co kimwe no mu Ngagara.

Nayo ku biturika vyumvikanye ku Musaga, Pierre Nkurikiye avuga ko ari grenade yatewe aba polisi, n' iyindi yatewe mu Nyakabiga, ariko ngo ntaco vyononye.

Hari ngo n' iyindi grenade yatowe mu kibanza c'ama bisi aja ku musaga kiri ahahora isoko nkuru.

Icegera c'umuvugizi w'igipolisi yabwiye BBC ko amatohoza akomeza ku co ivyo birwanisho vyoba bigamije.