Leta ya Kenya iregwa kurondora bafise SIDA

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abana bo muri Kenya

Abaharanira uburengenzira bavuga ko kubika ibiranga abo bana bafise umugera wa SIDA, ari nko kubinjirira mu buzima bwabo bwite, bagasaba ko ivyabitswe vyosamburwa.

Mu kwezi kwa kabiri, perezida Uhuru Kenyatta, yatanze itegeko ryo kwegeranya ibiharuro vyerekena abagendana umugera wa SIDA , barimwo abagore bibungenze, mu ntumbero yo gushikana infashanyo ku bo zigenewe.

Abanya Kenya barenga 1.600 000 bagendena umugera wa SIDA, muri abo abagera ku 500 000 akaba ari abana.