Uwarashe abantu 9 Charleston aracahigwa

Uwufise ububasha kw’isanamu CHARLESTON POLICE DEPT
Image caption Ifoto y'ukekwa ko yarashe

Bahawe amasanamu yafashwe na kamera zimwe ziba zimanitse mu bibanza zicungera ibiba/ camera de surveillance.

Ayo masanamu ariko umuntu w' umuzungu yoba ageze nko mu myaka 20 , n' imodoka bibaza ko yakoresheje.

Igipolisi kivuga ko kiriko kirakora itohoza kuri ico gitero nk'igitero gifatiye ku rwanko.

Baraye barakizura hose mw' ijoro barondera uwo mugabo, yarashe mw' ishengero ry'aba Methodist risenegramwo abirabure, mu gihe c'amasengesho.

Umukuru w' gipolisi ca Charleston Greg Mullen avuga ko ubwo bwicanyi ari agahomerabunwa.