Ubugereki buracizeye kumvikana n'abo buheraniye

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Alexis Tsipras, umushikiranganji w ambere w' Ubugereki

Mw'itangazo ryiwe, Alexis Tsipras yavuze ko abo bose yise abatera urusimbi ku nzira z'iterabwoba ikibazo c'ideni ry'ubugereki gishobora gufata, ngo bashobora kuzotangara.

Ivyo bwana Tsipras abivuze mu gihe ibanki nkuru y'ishirahamwe rya Bulaya yatunganije inama yihuta.

Iyo nama n' iyo kwihweza nimba boha amadeni amabanki yo mu Bugereki, inyuma yo kubona ko abantu babikuje miriyaridi zibiri z'ama Euro muri ayo ma banki muri iyi ndwi gusa.

Ubugereki butegerezwa kwishura ikigega mpuzamakungu FMI bitarenze mu mpera z' uku kwezi, kugira ngo ntigitakaze ubushobozi bwo kwishura ngo kinakurwe no mu bihugu bikoresha ifaranga rimwe rya Euro.