Umuriro wasambuye isoko rya caguwa muri Kenya

Isoko rya Gikomba rigenderwa n'ibihumbi vy'abantu bavuye mu buseruko bwa Afrika
Image caption Isoko rya Gikomba rigenderwa n'ibihumbi vy'abantu bavuye mu buseruko bwa Afrika

Umuriro wasambuye isoko rinini cane ridandaza impuzu zambawe zikunze kwitwa "caguwa", ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Abajejwe intwaro muri ako karere bavuga ko ibihumbi vy'abantu batakaje ivyo badandaza vyose mw'isoko rya Gikomba.

Abajejwe kuzimya umuriro, bashoboye kuwuzimya haciye amasaha menshi utanguye.

Vyibazwa ko iyo nkongi yatanguwe n'amakosa yabaye mu buryo umuyagankuba waho utunganijwe.

Bivugwa ko iryo soko ryinjiza, ugereranije, amahera ashika ku muriyoni w'amadolari ku kwezi.

Rigenderwa buri munsi n'ibihumbi vy'abantu bavuye hirya no hino mu buseruko bwa Afrika.