Leta y'Uburundi yitavye ibiganiro vya ONU

Abdoulaye Bathily niwe mworoshabikorwa muri ivyo biganiro Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Abdoulaye Bathily niwe mworoshabikorwa wa ONU muri ivyo biganiro.

Leta y'u Burundi yafashe ingingo yo kuja mu biganiro bishasha vyatunganijwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bigamije kugarageza gushika ku mwumvikano n'abatavuga rumwe na leta imbere y'uko amatora yo kuwa mbere aba.

Ibi ni nyuma y'aho ejo umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD, wiyamirije ivyo biganiro uvuga ko bigamije kudindiza amatora.

Kuva mu kwezi kwa kane, mu Burundi harangwa umwuka mubi muri politike nyuma y'aho umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, agenewe n'umugambwe CNDD FDD ngo azowuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu.