Abakerarugendo bariko bava Tunisia

Ingenzi ziriko zirava muri Tunisia ari nyinshi nyuma y'igetero c'ejo
Image caption Ingenzi ziriko zirava muri Tunisia ari nyinshi nyuma y'igitero c'ejo

Ibihumbi vy'abakerarugendo bariko baravanwa mu gihugu ca Tunisia n'indege nyuma y'igitero c'ejo.

Ico gitero kw'ihoteri iri ku nkengero y'ibahari cahitanye abantu mirongo itatu n'umunani bagizwe ahanini n'abanye Buraya.

Leta ya Tunisia ivuga ko umutekano wongerejwe mu bibanza biberamwo ubukerarugendo.

Iyo leta kandi yamenyesheje ko igiye kwugara imisigiti ishika mirongo umunani yagirizwa kwigisha amacakubiri n'ubugizi bwa nabi.

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Islamic State, wamenyesheje ko ariwo wagavye ico gitero, umugabo yakigavye akoresheje inkoho akaba nawe yararashwe.