ONU yunamiye Abarundi baguye muri Somalia

Ban Ki Moon yahojeje u Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu v
Image caption Ban Ki Moon yahojeje u Burundi

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon, yiyamirije igitero c'ejo ku basirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika muri Somalia.

Mu rwandiko, bwana Ki Moon yakeje abasirikare b'Abarundi bari bahagarariye amahoro, basize ubuzima muri ico gitero.

Ishirahamwe rya Buraya naryo nyene ryahojeje u Burundi hamwe n'imiryango y'abo basirikare.

Vyibazwa ko abasirikare bashika ku mirongo itanu baguye mu gitero ku giko ca gisirikare mu muji wa Leego, kw'ibarabara rihuza umuji wa Baidoa n'umurwa mukuru Mogadishu.

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al Shabaab, niwo wagavye ico gitero, ukavuga ko cari ico kwihorera agateka k'umuhanuzi Mohammed.