Imirwano irakomeye muri Sudani y'epfo

Abarwana muri Sudani y'epfo bashaka kwigarurira umuji ngirakamaro wa Malakal
Image caption Abarwana muri Sudani y'epfo bashaka kwigarurira umuji ngirakamaro wa Malakal

Abasirikare ba leta n'abarwanyi bari mu ntambara ikomeye bashaka kwigarurira umuji ngirakamaro wa Malakal.

Impande zompi zivuga ko zigenzura uwo muji uri mu buraruko, usanze ariwo nzira ija mu karere kuzuyemwo ibitoro ka Upper Nile.

Malakal imaze kwigarurirwa kenshi n'impande zirwana mu mezi cumi n'umunani intambara imaze hagati ya leta y'abashigikiye uwari icegera c'umukuru w'igihugu, Riek Machar.

Impande zompi zahuye n'umukuru wa Kenya, Uhuru Kenyatta, kuwa gatandatu abasaba guhagarika imirwano.