Ingingo z'umutekano muri Tuniziya

Uwufise ububasha kw’isanamu European Photopress Agency
Image caption Abajejwe umutekano bacunze abari mu gikorwa co kunamira abaguye mu gitero ca Sousse

Abo bantu baguye mu gitero cakozwe n'umuyoboke w'umurwi Islamic State, mu kibanza kigenderamwo ingenzi mu muji wa Sousse.

Izo ngingo zitangajwe mu gihe hitezwe ijambo perezida Beji Caid Essebsi aja gushikiriza abanyagihugu.

Gushiraho izo ngingo zo mu bihe bidasanzwe bizotuma abajejwe umutekano boroherwa mu kazi kabo.

Abasesangura utuntu n'utundi babona ko leta ya Tuniziya icumva ko ikigeramiwe n'ibitero nk'ivyo, kandi ko hakenewe izindi nguvu zo guhangana na vyo.