Uburundi bwanse umuhuza wa kabiri wa ONU

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Uburundi bumaze igiihe mu ngorane za poritike kuva mu kwa kane

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD uvuga ko umuhuza Abdoulaye Bathily, yagenywe mu kwezi guheze, ahengamye.

Ivyo bikurikiye icegeranyo ca ONU cadomye urutoke ku kubuza ubwisanzure itangazamakuru, gupfungira abantu ubusa, n'ibindi vyaha vyakozwe mu gihe co kwitegurira amatora y'abashingamateka yabaye kuwa mbere.

Uwari yamubanjirije, Said Djinnit, yakuye akarenge muri ico gikorwa co guhuza Abarundi, amaze kwagirizwa n'abatavuga rumwe na reta ko ahengamiye ku ruhande rwayo.

Uburundi bumaze igihe mu kibazo ca poritike kuva mu kwezi kwa kane, kuva aho perezida Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko azokwitoza kuyobora ico gihugu mu kiringo ca gatatu.