Umwiyahuzi yiturikije mw'isengero muri Nigeria

Image caption Isengero yatewe iri mu muji wa Patiiskum

Umwe mu babibonye yari mw'isengero mu muji wa Potiskum muri leta ya Yobe, yabwiye BBC ko umwiyahuzi w'igitsina gore, yiturikirje mu bantu bari mu misa muri urwo rusengero rwari rwuzuye.

Yavuze ko na Pastori waho ari mu bahitanywe n'ico gitero.

Ico gitero gikurikiye ibindi birerwa umurwi Boko Haram.

Abantu bagera ku 200 bahitanywe n'ibitero nk'ivyo muri iyi ndwi iheze gusa.

Umukuru w'igihugu mushasha wa Nigeria Muhammadu Buhari, yiyemeje kurwanya uwo murwi Boko Haram.