Iraq: Ibitero vyahitanye 25 muri Ramadi

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ramadi yabaye ikirimbiro ry'ibbitero vya buri munsi

Uwo muji wa Ramadi wagabwemwo ibitero vy'indege mu bisanzwe ugenzurwa n'umurwi "Islamic State".

Ababibonye bavuga ko abapfuye bari bakoraniye ku kibuga barorera urukino rw'umupira w'amaguru n'ijoro, urukino rutuganywa mu gihe c'amapfungo ya Ramadan.

IS yafashe ako karere mu kwezi kwa gatanu.

Leta yihaye intego yo kugaruza ako karere, kakaba kamamwo ibitero buri munsi.