Uburundi bwoba buzosubira kwigizayo amatora?

Image caption Ibendera ry'uburundi

Iyo nama yabeteye i Dar es Salam yaraye isavye Uburundi kwigiza kuwa 30 z'uku kwezi amatora y'umukuru w'igihugu ateganijwe kuwa 15 uku kwezi nyene, no kurungika.

Iyo nama yasavye kandi ko horungikwa mu Burundi urwego rwa gisirikare rwoja guhagarikira igikorwa co kwambura ibirwanisho imirwi itandukanye no kuraba ko ata barwanyi ba FDLR binjiye muri ico gihugu.

Ku kibazo co kwigizayo amatora, umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburundi n'amakungu, Alain Nyamitwe yabwiye BBC ko gusubiza inyuma amatora atari co bashira imbere.

Ariko ngo kugira bareke impari, ngo bazokwihweza nimba imvo z'ababisaba zitarwanya amategeko y'Uburundi canke ubwigenge bw'ico gihugu.

Nayo ku bagenduzi borungikwa kuraba ko ata ba FDLR bari mu gihugu, bwana Nyamitwe yavuze ko kuko leta y'Uburundi isanzwe ataco yiyotsa, ngo izobareka baje kwirabira kugirango habe ukwizerana hagati y'Uburundi n'ivyo bihugu vy'akarere.

Ingingo yo kwigizayo amatora yafashwe n'abakuru b'ibihugu ngo itegerezwa kubanza kwirwa n'umurwi ujejwe gutunganya amatora mu gihugu CENI.