Iyo aba wewe wayagabana ?

Image caption Namwali Serpell

Uwo munya Zambiyakazi yahawe ako gashimwe k'ama dollari ibihumbi cumi na bitanu, avuga ko ingingo yiwe yo kukagabura n'abandi ari nko kugumuka.

Avuga ko ashaka guhindura uburyo ako gashimwe gatangwa, aho avuga ko we yumva abanditsi bakwiye gufatana mu nda.

Namwali Serpell yaronse ako gashimwe kubera inkuru ngufi yise 'The Sack', ivuga ku migenderanire hagati y'abagabo babiri bakunda umugore umwe.

Yari yahiganywe n'abandi banditsi bane barimwo abanya Afrika y'Epfo babiri n'abanya Nigeria babiri.