Igitero c'umwiyahuzi cahitanye 20 muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu kaduna govt
Image caption Igitero ca Zaria gikekwa ko cakozwe na Boko Haram

Abandi bantu benshi bivurwa ko bakomeretse muri icp gitero co mu muji wa Zaria.

Ico gitero cabaye mu nyubakwa ikorera mwo abakozi ba reta, aho abaigisha bo mu mashure mato bari batonze barondera akazi.

Umurwi Boko Haram ukunze kugaba ibitero nk'ivyo mu buraruko bwa Nigeria.

Abantu baharurwa mu 200 barishwe mu bitero nka ben'ivyo mu ndwi iheze.