Igitero ca Boko Haram muri Chad

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ibitero vya Boko Haram vyari bimaze kuvurw amuri Chad

Abategetsi bo muri ako aka karere kavuga ko abo bitwaje ibirwanisho bahitanye abanyagihugu baba ku nkengera z'ikiyaya Chad.

Mu kirwati ca Merom, bivurwa ko baciye 13 muri abo banyagihugu amazosi.

Baciye bunguruza baja kwica mu kandi gace, bahica n'imikuku y'ingamiya.

Umurwi Boko Haram wakomeje ibitero muri iyi minsi iheze, cane cane muri Nigeria.

Uhora kandi ugaba ibitero muri Chad aho ingabo c'ico gihugu zatanze intererano mu gikorwa co kuwurwanya.