Rwanda:urubanza rwa Green Party rwungurujwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Green Party ivuga ko president Paul Kagame adakwiye kwemererwa kongera kwitoza.

Ivyo bwana Frank Habineza yabikoze mu gihe hamaze kwegeranywa ibikumu vy'abanyagihugu barenga miliyoni zine, abasaba ko iryo bwirizwa nshingiro rihindurwa kugirango perezida Paul Kagame ashobore kwongera kwitoza kuyobora ico gihugu ku ncuro igira gatatu.

Muri urwo rubanza rw'uno munsi rwahamagajwe muri sentare ntahinyuzwa, uwuburanira Green Party ntiyitavye.

Urwo rubanza rwaciye rwunguruzwa.

Hari abandi bashingwamanza bari bamaze gusabwa n'uwo mugambwe kuwuburanira, ariko hagera kuja kuburana ntibitabe.

Abaharanira uburenganzira bwa kiremwa muntu bavuga ko abashingwamanza batinya kuburanira Frank Habineza kubera igitugu ca leta y'Urwanda.