Tuniziya: uruhome rwo kwikingira iterabwoba

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Tunisia yaheruka gushiraho ingingo nk'izo mu bihe bidasanzwe

Umushikiranganji wa mbere wa Tuniziya Habib Essid yavuze ko bazokwibanda ku kwubaka murwo ruhome rwa km 160, kugira rube rwarangiye imbere y'uko uyu mwaka urangira.

Ivyo umushikiranganji wa mbere yabishikirije mw'ijambo yatanze kuri Television, asigura umugambi wa leta wo guhangana n' ikibazo c'iterabwoba.

Aho ni mu gihe kandi haheruka kwicirwa abantu 38 mu muji wa Sousse mu kwezi guheze, bahitanywe n'umuyoboke w'umurwi witwaza amategeko ya Islamu yahawe inyigisho n'umurwi islamic State.

Nyene kwica abo bantu barimwo ingenzi z'abanyamahanga bikekwa ko yaherewe inyigisho muri Libya.