Uburundi buzokumva EAC bwigizeyo amatora?

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Amatora y'umukuru w'igihugu mu Burundi arasabwa na EAC kunguruzwa

Amatora y'umukuru w'igihugu mu bisanzwe ateganyijwe kuwa 15 z'uku kwezi.

Abo bategetsi ba EAC bakaba mu vyo basavye harimwo ko ayo matora yokungururizwa kuwa 30 z'uku.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI, uvuga ko wihweje ibijanye n'ubuhinga, bo basanga bitokunda kunguruza ayo matora.

Umuvugizi w'uyo murwi CENI, Prosper Ntahogwamiye, yabwiye BBC ko kugirango umukuru w'igihugu atorwe hateganywa amezi abiri imbere y'uko ikiringo ciwe kirangira.

Ico gihe kitabonetse ngo bateganya n'imiburiburi ukwezi kumwe.

Ku kibazo c'uko ubutegetsi bwoba bwaragishije inama CENI, Prosper Ntahorwamiye ntaco yabivuzeko, avuga ko iryo ari ibanga ry'akazi.

Ariko umuvugizi wa leta y'Uburundi, Philippe Nzobonariba, amaze gutangaza ko iyo tariki ya 30 z'ukwezi kw'idwi itoshoboka, n'ubwo atashotse avuga itariki ishoboka bashobora kuyategenyako.

Nayo umukuru w'igihugu iyo yari mu gikorwa co kwiyamamaria amatora, yararitse abanyagihugu kuja gutora ari benshi kw'itariki ya 15, hamwe hatogira igihinduka, vyumvikana ko iciyumviro co guhindura iyi tariki y'amatora, leta y'Uburundi yoba igifise.