Ubugereki bwatanze ingingo zabwo

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu vyatanzwe harimwo ingingo zo gutubika umukanda ziyamirizwa n'Abagereki

Mu vyo Ubugereki bwashikirije harimwo ingingo zo gutubika umukanda abanyagihugu bari bahakanye mu gihe ca kamarampaka yo ku munsi w'Imana.

Mu gihe yemeye kuduza amakori, kugabanya amafaranga leta izokoresha, no gushira mu minwe y'abikorera utwabo ibikorwa bimwe vya leta, umushikiranganji wa mbere Alexis Tsipras yifuza nawe guhabwa iyindi ngurane mu kiringo c'imyaka itatu.

Bivurwa ko yoba arondera miriyaridi 50 z'ama dollari, no gusubiramwo gutunganya gushasha umwenda ico gihugu gisanganywe.

Leta y'Ubugereki uyu munsi niho ica ija munama nshingamateka gusaba ko izo ngingo zememzwa.