Umukinyi wa film Omar Sharif yashengeye

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Omar Sharif

Uyu mukinyi yari afise 83 akaba yari asanganywe ingwara yo kwibagira bita Alzheimer.

Sharif yri yavukiye mu Misiri, mu muryango w'aba katolika wamutse muri Libani.

Yakinye muri cinema zirenga 25 zo mu Misiri, imbere yo kugira uruhara mu rukino rwa sinema yindi yiswe " Lawrence of Arabia", rwatumye amenyekana ku rwego mpuzamakungu.

Aho yakunzwe cane gose bishoboka ko hoba ari muri sinema yitiriwe izina ry'uruhara rwiwe, "Doctor Zhivaro".

Izindi cinema yakinyemwo zirimwo "Funny Girl", yakinanyemwo na Barbara Streisand, " Che Guevara" na "Gengdhis Khan".

Omar Sharif bivurwa ko yigeze gusabwa ko babana, n'abakobwa ibihumbi 25 mu kiringo c'ukwezi kumwe.

Ariko we yivugira ko umukunzi wiwe wa mbere wo ku mutima ari ugukina amakarata.

Yaja no mu nkino zo ku rwego mpuzamakungu mu makarata, agatigira amafaranga ari hejuru cane.