Burundi: Ibiganiro byabaye bihagaritswe

Ibiganiro k'u Burundi
Image caption Ibiganiro k'u Burundi

Ibiganiro vyari bimaze iminsi bihuza abanyepolitike mu Burundi ku bibazo vy’amatora birangwa muri ico gihugu vyahagaze. Minsitre wa Uganda ajejwe kwivuna abansi Crispus Kiyonga yari abihagarikiye kw’izina ry’umuhuza Umukuru wa Uganda Yoweri Museveni yatangaje kuri uyu mugoroba ko ivyo biganiro bibaye birahagarara gushika kw’isango ritazwi.

Uruhande rwa reta n’umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD n’iyo bicuditse ntibigeze baza aho ivyo biganiro vyari bimaze iminsi biriko birabera.

Crispus Kiyonga yabwiye abanyamakuru ko atazi igituma bataje , ‘’ ndi ngaha kuva mu gitondo, natelefonye, nta n’umwe yitavye ko ambwire impamvu batitavye’’.

Leta y’Uburundi muri ivyo biganiro yaserukirwa n’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana,

Imigambwe itavuga rumwe na leta n’abaserukira amashirahamwe atagwanira inyungu za politike niho bari bari.

Ku wa gatandatu ku mugoroba leta y’uburundi yazanye urwandiko ivuga ko rwashizweko umukono na bamwe mu batavuga rumwe nayo bari muri ivyo biganiro.

Urwo rwandiko abatavuga rumwe na leta bagamwo ko bashinze inama y’igihugu yo kurwanira amasezerano ya Arusha leta yavuze ko itegerezwa kubanza kurwihweza kugira imenye niba yobandanya ibiganiro kandi ngo ‘’hari abandi bafise izindi ntumbero ziteye kubiri n’ibiganiro’’.

Cripus Kiyonga yavuze ko ivyoba biri muri urwo rwandiko vyose bitategerezwa kubuza ko leta ibandanya kwitaba ibiganiro.

Ariko uwuhagarariye ibiganiro yavuze ko bidahagaze burundu, ngo umwanya uwariwo wose bizosubira, naho hoba inyuma y’amatora yo ku wa kabiri.

Crispus Kiyonga yamenyesheje ko munsi bari bamaze iminsi bakora bari bashitse ku bitari bike.

Bari bumvikanye ku bibazo 10 vyo kwiga, muri ivyo bemeranye ko 4 arivyo vyoza imbere.

Bari bahereye ku kibazo c’umutekano no gutahukana impunzi baragiheza, hari guca hakurikira ikirangaminsi c’amatora, hanyuma ico gushinga leta y’ubumwe hamwe rero n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.