Saudi Arabia: Hafashwe abarenga 400

Imikwabu muri Arabia Saudite Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imikwabu muri Arabia Saudite

Abategetsi bo muri Arabia Saudite baravuga ko mu mikwabu iherutse gukorwa bafashe abantu barenga 430 bakekwa kuba mu mutwe wa Islamic State.

Umushikiranganji w'ubutegetsi bw'igihugu yavuze ko Islamic State yagambiriye guteza akavuyo kandi ko inshuro nyinshi ibyo bikorwa byayo byagiye biburizwamo.

Ibyo bikorwa kandi birimo imigambi yo gutera ibiro bihagarariye igihugu muri Arabia Saudite, kwica abashinzwe umutekano hamwe no kugaba ibitero by'abiyahuzi mu misigiti y'abayisilamu.

Islamic State yavuze ko yari inyuma y'ibitero bibiri byagabwe ku misigiti y'abaShia mu burasirazuba bw'igihugu mu kwezi kwa 5.

Icyo gihe abantu 25 barishwe.