Umukobwa wa Whitney Houston yapfuye

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Bobbi Kristina Brown

Uwo mwana w'ikinege wa Whitney Houston yari amaze amezi atandatu muri coma, yaguye aho yari arwariye Duluth muri Georgia, mu bumanuko bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Bobbi Kristina Brown bari bamutoye mu cumba c'ubwogero yataye ubwenge kuwa 31 z'ukwezi kwa mbere uyu mwaka, muhira iwe mu muji wa Atlanta.

Aya mezi yose yari aheze atikoma, yaratakaje ubushobozi bw'igice kinini c'ubwonko bwiwe.

Bobby Kristina yari yagumye hafi ya nyina kuva abavyeyi biwe bahukanye.

Mu kwezi guheze niho umuryango wiwe wamenyesha ko yagiye mu kibanza abarwaye cane bageze ku mpfiro baruhukiramwo.

Isanganya rya Bobbi Kristina Brown ryibutsa urupfu rwa nyina, Whitney Houston, nawe bamusanze mu bwogero mw'ihoteri ya Los Angeles mu kwa kabiri mu 2012, buca haba ibirori vya Grammy Awards.