PKK yiyamye ibitero vya Turkiya

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Aba Kurdes bavuga ko Turkiya igaba ibitero ku barwanyi babo

PKK uvuga ko ibimodokari vy'intambara vya Turkiya vyamijagiye ibisasu mu karere kagenzurwa n'abarwanyi bawo hafi y'umuji wa Jarablus.

Imwe mu modokari zawo ngo yagemwe n'igisasu hafi y'umuji wa Kobane.

Turkiya yiyemereye ko yagavye ibitero ku barwanyi b'aba Kurdes muri Irak, yamenyesheje ko iriko irakora itohoza.

Hagat'aho, bimaze gutangazwa ko Leta zunze Ubumwe za Amerika na Turkiya vyumvikanye gukorana mu gutuza abarwanyi ba IS mu buraruko bwa Syria.

Abategetsi ba Amerika batavuzwe amazina bemeza ko intumbero y'urwo rugamba ari gushiraho akarere katagenzurwa n'uruhande na rumwe ku nkengera za Turkiya, mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano mu karere.