ONU iranenga amatora yo mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko amatora y’umukuru w’igihugu mu Burundi atakwije ibikenewe kugira habe amatora arangwa n’ubwisanzure, yo kwizerwa kandi arimwo bose.

Ivyo biri mu cegeranyo urwego rwa ONU rukurikirana amatora mu Burundi MENUB rwaraye rusohoye inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku wa kabiri w’indwi iheze.Umukuru w’igihugu yari ahasanzwe Pierre Nkurunziza niwe yayatsinze ku majwi hafi 70 %.

Muri ico cegeranyo, MENUB ivuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mahoro kandi ko n’ibikorwa vy’amatora umugwi ubujejwe wabikoze neza.

Ariko ngo icuka muri rusangi nticari kibereye amatora arangwa n’ubwisanzure akagirirwa icizere, kandi ngo ntiyarimwo bose.

MENUB ivuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu cuka co kwinubana hagati y’imigambwe inyuma y’aho ingingo y’umukuru w’igihugu yo kwitoza ubugira gatatu ijaniye igihugu mu kaga ka politike n’ubutunzi.

Menub ivuga ko ukwishira no kwizana mu gushikiriza ico wiyumvira hamwe n’ukugira amanama, ibintu bikenewe cane mu gihe c’a,matora, vyabangamiwe cane.

Ibinyamakuru vyigenga vyasambuwe igihe c’igeragezwa ryo gutembaza ubutegetsi ntivyemerewe gusubira gukora n’ubwo hari amajwi menshi yari yabisavye.

Urwo rwego rwa ONU ruvuga ko mu ico gihe nyene ibinyamakuru vya leta bitahaye umwanya ungana abariko bariyayamamaza.

Mu ba kandidata bane biyamamaje, kuri radio na television ya leta RTNB, ONU ivuga ibikorwa vyo kwiyamamaza vy’umukuru w’igihugu ahasanzwe arivyo vyahawe umwanya munini cane kurusha abandi batatu basigaye.

Eka no kwiyamamaza umugambwe uri ku butegetsi wakoresheje uburyo bwa leta nk’ama modoka, mu gihe abandi ba kandidat atabwo bari bafise.

Muri ayo mezi y’amatora kandi, MENUB ivuga ko igisata ca ONU kiraba agateka ka zina muntu cakoze ama dossiers y’abantu barenga amajana atatu bafashwe mu buryo bunyuranye n’amategeko hamwe n’ifungwa ry’abagize imyiyerekano, abagwanira agateka ka zina muntu hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Muri ico ico gihe c’amatora nyene ngo hari abantu benshi bishwe urubozo n’abandi bakorewe ayandi mahano.

ONU ivuga ko bene ivyo bikorwa biri muri bimwe vyatumye hari abarundi bahunga igihugu.

.