Leta y'Urwanda yamye mu rubanza na Green Party

Image caption Inam nshingamteka y'Urwanda iherutse kwemeza ubusabe bw'abanyagihugu bwo guhindura ibwirizwa nshingiro

Green Party irega leta y'Urwanda ku cemezo co guhindura ibwirizwa nshingiro, kugira ngo perezida Paul Kagame, yongere kwiyamamaza mu mwaka wa 2017.

Green Party iyobowe na Frank Habineza, yabanje kubura umwunganizi mu mategeko.

Green Party uyu munsi yari ifise uwuyunganira muri sentare, maitre Mukamusoni Antoinnette.

Yavuze leta y'Urwanda ko ari yo iri kw' isonga mu gushaka ko ibwirizwa nshingiro rihindurwa.

Abunganira leta y'Urwanda bo bavuga ko ata mpamvu yo kurega leta y'Urwanda muri sentare.

Ariko Maitre Antoinnette Mukamusoni akavuga ko impamvu arega leta y'Urwanda, ari uko yashigikiye ibikorwa vyose vy'abantu bashaka ko ibwirizwa nshingiro rihinfurwa.

Yatanze uturero ku buryo inama nshingamteka yakiriye abanyagihugu baja gusaba ko iryo bwirizwa nshigniro rihindurwa n'ingene bishimiye hamwe n'abanyagihugu bamaze kwemza ubusabe bwabo.

Abahagarariye leta bo bavuga ko ico kirego kitari gikwiye kujanwa muri sentare ntahinyuzwa, ahubwo ngo green party yari ikwiye kujana ico kibazo mu nama nshingamateka.

Sentare ntahinyuzwa ngo yari kugenda igira inama inama nshingamteka, aho kuburanisha urubanza.