FMI iracihweza Ubugereki

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty images
Image caption Bamwe bibaza ko FMI yemeye gufasha n' Ubudagi bwoca bwemera

FMI ngo yifuza kubanza kumenya nimba izo mpande zumvikanye uburyo ayo mafaranga ashaka gutangwa azoheza agasubizwa.

Umwe mu bategetsi b'ico kigega avuga ko impoande zompi zikeneye guufata ingingo zikomeye kugira uwo mwenda wo kuramira ubutunzi bw'Ubugereki utangwe.

Ubugereki ubwabwo ngo buracakeneye gushira mu ngiro ingingo zo gutubika umukanda.

Uwo mutegetsi avuga ko bizofata igihe kugirango izo mpande zompi zifate ingingo zikenewe.

Gushigikirwa n'ikigega FMI ku Bugereki, biboneka nk'ibifise akamaro kanini cane kugirango ico gihugu kibone gushigikirwa n' inama nshingamteka y'Ubudage ku ngingo zo kuramira ubutunzi bwaco.