Agashavu mu Banyapalestina ba Cisjordanie

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ifoto y'umwana yishwe atuririwe mu nzu muri Cisjordanie

Ico gitero abavyeyi b' uwo mwana n'abo bavukana bakomerekeyemwo, bikekwa ko cakozwe n'abayahudi bacumbitse mur'ako kerere.

Umushikioranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yise ico gitero igitero c'iterabwoba.

Abanyapalestina bagiriza ubutegetsi bwabo gusasira indava ukudahana ivyaha bikorwa n'ababa muri ako karere bidaciye mu mategeko.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko ico gitero cabaye hari hasanzwe hari icuka kibi hagati y'intagondwa z' abanya Israel zishaka kwigarurira ako karere, na leta yabo.