Perezida Museveni azosubira kwiyamamaza

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida Yoweri Museveni yagiye ku butegetsi kuva 1986

Amama Mbabazi, yigeze kuba umushikiranganji wambere w'ico gihugu - yari yizeye ko umugambwe uri ku butegetsi uzomutangako umukandida waryo muri ayo matora.

Ariko uno munsi Amma Mbabazi ntiyarushe agerageza.

Yanenze cane Museveni avuga ko yingungiyeko ubutegetsi.

Ejo niwo munsi ntarengwa w'abashaka kwimamaza kw' izina ry' umugambwe uri ku butegetsi gufata impapuro zibisaba.

Ibi bibaye mu gihe hashize iminsi mike, Perezida wa Amerika Barack Obama asavye abamaze igihe kirekire ku butegetsi muri Afurika kuburekura.

Aho hari mw'ijambo yashikirije Addis Abeba ku muryango w'ubumwe bwa Afurika mu rugendo ahukamwo ku mugabane wa Afrika.