Sentare ya Afrika y'Epfo yanse ibirerwa Malema

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Julius Malema, umukuru wa EFF

Umucamnaza yavuze ko bwana Malema yarindiriye igihe kire kire cane kugirango urwo rubanza ruburanishwe.

Yagirijwe ivyaha kuva mu 2012, birimwo gushira mu bubiko bwiwe amafaranga afise inkomoko mbi, ruswa no kunyereza amafaranga bavuga agera kuri miliyoni zine z'ama dollars ya Amerika, yakuye mu gutanga amasoko ya leta.

Abanyamakuru bavuga ko kwima agaciro urwo rubanza rwiwe bishobora kwongera inguvu igihagararo ca Julius Malema muri politike.

Haheze imyaka itatu yirukanywe mu mugambwe uri ku butegetsi ANC yagirizwa kwitwara nabi, aca aja gushinga umugambwe wiwe EFF.

Uwo mugambwe -Economic Freedom Fighters- waraburagije kenshi ibikorwa vy'inama nshingamateka.