Bimwe mu bimaze kurangurwa na P C MBonimpa

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Pierre Claver Mbonimpa

Kuva umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza amenyesheje ko azokwitoza mu kiringo ca gatatu co gutwara igihugu, Pierre Claver Mbonimpa yabaye mu bantu bagiye imbere mu gushigikira imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo ngingo.

Yemeza ko iyo ngingo iteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro, ko rero ari uguhonyanga agateka ka zina muntu.

Mu kwezi kwa gatanu mu 2014 yarafashwe arapfungwa yagirizwa kugeramira umutekano w'uburundi imbere no hanze.

Imvo kwari uko yari yavuze ko hari urwaruka rw'Abarundi rwariko rurahabwa imyimenyerezo ya gisisirikare ku mvo zitazwi mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira democrasi ya Congo.

Amakungu yarasemereye kugira arekurwe harimwo na presida wa Leta Zunze Ubumnwe za Amerika Barack Obama.

Pierre Claver Mbomimpa yahavuye arekurwa mu kwezi kw'icenda mu 2014 ku mvo z'uko amagara amukitse kugira ashobore kwivuza.

Umukuru wa APRODH avuga ko amaze kurengutswa n'ubushikirizamanza akarenga 40 kubera ibikorwa vyiwe vyo kurwanira agateka ka zina muntu.