ONU ishaka itohoza kw'iraswa rya Mponimpa

Image caption Amandine Nasasagare, umukobwa wa Pierre Claver Mbonimpa

Umukobwa wa Pierre Claver Mbonimpa, Amandine Nasagarare, yabwiye BBC ko urusasu rwamuciye mw'itama, ariko ko bizeye ko ubuzima bwiwe bushobora kurokoka.

Amandine Nasagarare, avuga ko aho se ari mu bitaro, afise ubwenge, ashobora kubereka aho ababara akoresheje ibimenyetso, ariko bifuza ko ajanwa aho ashobora gukurikiranwa umutima uri mu nda.

Ico umuryango wiwe wifuza muri kino gihe ngo n'uko umutekano wiwe wokingirwa kuko bafise ubwoba bw'uko ushobora kwongera kubangamirwa aho ari mu bitaro.

Kuraswa kwa Pierre Claver Mbonimpa kwakwirikiye urupfu rwa general Adolphe Nshimirimana, yari azwi cane mu gushigikira umukuru w'igihugu no kurwanya abo batavuga rumwe, ubwicanyi bwakwirikiwe n'impungenge z' uko hari abashobora gushaka kwihora.

Pierre Claver Mbonimpa yamenyekanye cane kubera uruhara rwiwe mu guharanira agateka ka zina muntu, akaba yaraserutse cane mu gihe c'imyiyerekano iheruka yo kwiyamriiza ikiringo ca 3 ca perezida Nkuruniza.