Icuka si ciza mu butegetsi bw'aba Taliban

Image caption Ibiro vy'aba Taliban muri Qatar

Ibi biri mu vyerekana gucanamwo kuri muri uyu muhari, inyuma y'urupfu rw' umukuru wawo Mullah Omar.

Mw'itangazo ryiwe, Syed Mohammad Tayab Agha, yavuze ko kubona urupfu rwa Mullah Omar rwaranyegejwe kumara imyaka ibiri yose , ari zo mpamvu yahisemwo gukuramwo akarenge.

Nta kintu yavuze cerekeye Mullah Akhtar Mansour ubwiwe, aheruka kugenwa kuyobora uwo muhari, inyuma y'umubonano w'abagize inama yawo bahuriye muri Pakistani.

Ariko yavuze ko bidashoboka gutwarwa n'umutegetsi yatorewe hanze ya Afghanistan.