Ibaba rikekwa kuba irya MH370 mw'isuzumwa

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igice catowe kw'izinga rya Reunion cajanywe mu Bufaransa

Ico gice, casheshwe n'imikuba ku nkengera ry'izinga rya Reunion riri mw'ibahari Indiano, caciye kijanwa mu kibanza ca gisirikare co mu muji wa Toulouse.

Abategetsi bavuga ko abahinga b'aba Faransa n'abanya Malaysia badashobora gushoka bemeza ko ico kimanyu cavuye ku ndege MH370.

Bazosuzuma ibiharuro biranga indege iyo ari yo n'ibindi bimenyetso.

Iyo ndege yagiye mazimayongo mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze, irimwo ingenzi 239 n'abandi bayikoramwo.