HRW irega ingezo za leta y'Uburundi iyicarubozo

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ihohotera rirerw ainzego z'umutekano n' iperereza

Human Right Watch ivuga ko yavuganye n'abantu barenga 148 bakorewe iryo yica rubozo mu ntara enye zirimo n'umurwa mukuru Bujumbura.

HRW yemeza ko yagiye mu bibanza bitandukanye biri mu gihugu ikabaza n'abantu batandukanye mu matohoza yakoze.

Ariko umushakashatsi wa HRW ajejw ekarere k'ibiyaga bini , Carina Tertsakian, yirinze kuvuga ivyo bibanza ivyo ari vyo ku mvo z'umutekano w'abatanze amakuru.

Abari inyuma y'iryo hotera ngo bari ku ngero zitandukanye bivanye n'ibiba vyabaye.

Carina Tertsakian atanga karorero aho ngo nkaho abarongoye iperereza mu ntara boba babifisemwo uruhara bonyene ubwabo, ahandi naho ngo n'abakozi bari ku rwego rwo hasi.

Ico bahurijeko aho hose ngo n'uko abo bakozi b'iperereza bitwara nk'uko umengo nta numwe ashobora kubakwirikirana kuvyo bakoze.

HRW ivuga ko bamwe mu bakorewe ayo mahano bagipfunzwe, abandi nabo bararekuwe kuva ico gihe, ariko ngo nabo nyene bidakurikije amategeko.

Nayo ku bijanye n'ico leta y'Uburundi yoba yarabishuye kuri ivyo bikorwa bayinenga, Carina Tertsakian yabwiye BBC ko bagerageje kurondera umukuru w' urwgo rw' ipererza ngo bamwereke ayo makuru bafise ariko batamubonye.

N'umukuru w'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bwana Pascal Nyabenda, kubera ko menshi muri ayo mabi yakozwe arerwa urwaruka rwo mu mugambwe wiwe, nawe ngo yabimye umubonano.

HRW yashoboye kuvugana n' umukuru w' imbopnerakure, yavuze ko abakora ivyaha bobihanirw aku gatwe kabo.