Nyamugigima mukarere k'ibiyaga binini

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service

Abo bana bapfuye igihe inzu yabo iri hafi y'ikibuga c'indege ca Bukavu, yasambuka kubera iyo nyamugigima yari ifise umurindi wa 5.6 ku rupimo rwa Richter.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Lambert Mende, yabwiye BBC ko n'amazu y'iruhande yaho yononekanye.

Umurindi w'iyo nyamugigima yaturutse hafi y'ikiyaga Tanganyika, warumvikanye no kugera mu buhugu vy'Urwanda, n' Uburundi.

Abategetsi mu Rwanda bavuga ko hari abakomeretse ariko bidakabije.

Iyo nyamugigima yumvikanye nko mu masaha icenda mu z'ijoro mu karere.