Premier League ikundwa gute muri Afrika?

Image caption Bamwe mu bakinyi b'abanyafrika bari mu mirwi ya Premier League

Izo nkino zikurikirwa muri rusangi na miliyaridi y'abantu kw'isi, muri bo miliyoni 260 bari muri Afrika.

Isekeza ry'iki kiringo ca 2015-2016 rero buca gitangura, mu bubare n'ayandi mazu y'uburiro n'ubunywero aho berekana umupira w'amaguru usanga bariko bitegura, kuva Caire gushika Cape Town.

Ariko none n'uyuhe murwi ukundwa kurusha iyindi ku mugabane wa Afrika?

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Didier Drogba aravurwa cane

Inyuma y'icirwa cakozwe na BBC, nta mpari ko Chelsea ariwo murwi uza imbere ku mugabane wose.

Nta wovuga Premier League mu burengero bwa Afrika ngo yirengagize Didier Drogba.

Didier Drogba, Solomon Kalou, samuel Eto'o, Victor Moses, Michael Essien na John Mikel Obi, bose baturuka mu burengero bwa Afrika barakinye muri uwo murwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abakundwa mu buseruko

Ariko ni Drogba avurwa cane muri bo.

Afrika y'Ubuseruko ikunda ibara ritukura kubera Arsenal.

Abakinyi nka Nwankwo Kanu, Emmanuel Adebayor, Kolo Tiure na Lauren bawugize rurangiranwa.

Kanu niwe yatumye Arsenal imenyekana cane muri Nigeria.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Abo bakunda Afrika y'epfo

Naho muri Afrika y'epfo bakunda Manchester United kurusha iyindi mirwi.

Niwo murwi watwaye ibikombe vya Premier League vyinshi kurusha iyindi, 13 kuva amahiganwa ya mbere yo mu 1992.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service

Mu Misiri Chelsea yiganziye abafana kubera igurwa ry'umukinyi Muhamed Salah kuri miliyoni 17 mu mwaka uheze.