Amaziko y'Umunyapalestina muri Cisjordanie

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Bikekwa ko uwo mugabo yatewe n'intagondwa z'Abayahudi.

Ico gitero cabaye mu ndwi iheze cabanje guhitana umuhungu wiwe w'amezi 18.

Umugore wiwe, Riham, n'umwana wabo w'inyaka ine, Ahmad, bo baracari mu bitaro kandi baracababaye cane.

Inzu y'uwo muryango yatewe mu ndwi iheze, mu kirwati ca Duma, kiri mu karere ka Cisjordanie.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, yacise igitero c'iterabwoba.

Ariko kugeza ubu nta muntu n'umwe arafatwa kubera ico caha.