Abafashwe ingwati muri Mali barekujwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ingabo zaciye zugariza ikibanza c'ihoteri yari yafatwemwo ingwati abantu barimwo abanyamahanga

Abantu bane baturuka muri Afrika y'epfo, Ukraine no mu Burusiya barekujwe.

Mu gitero cabaye muri iyo hoteri Byblos iri Sevare, abitwaje ibirwanisho bishe umukozi wo mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU n'abandi basirikare ba Mali.

Ibiziga vy'abantu bakekwa ko ari abo mu murwi w'abarwanyi b'intagondwa z'aba Islamu vyatowe muri iyo nyubakwa.

Iyo hoteri isanzwe ikoreshwa cane n'ingabo z'inteko mpuzamakungu zagiye kugarura amahoro muri Mali, MINUSMA.