Ikoreshwa ry'imiti rikomeje kuvurwa mu banonotsi

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Nick Bitel, avuga ko urwego rujejwe inkino zo kunonora imitsi kw'isi rukeneye gufata ingingo mu ntumbero yo kubuza abanonotsi baketswe ko bakoresheje imiti itemewe yo kongerereza inguvu, kugira ntibaje mu mahiganwa.

Bwana Bitel ivyo bwana Bitel yabivuze mu gihe bivurwa ko abaheruka gutwara umudari wa London Marathon bari bafise ibipimo vy'amaraso biteye amakenga.

Ikinyamakuru co mu Bwongereza cemeza ko ku ncuro igira indwi mu myaka 12, imidari yatwawe n'abanonotsi basanganye ibipimo bidasanzwe mu maraso.

Ico kinyamakuru "The Sunday Times" kimenyesha ko abanonotsi 20 babaye mu bambere ngo bari bakwiye kubuzwa kuja mw'ihiganwa kuko mu maraso yabo hari habonetsemwo ko boba bafashe ben'iyo miti.