Burundi: Abayobozi bashya ba Sena batowe

Image caption Spes Caritas Njebarikanuye(ibumoso), icegera ca mbere c'umukuru wa Sena, Reverien Ndikuriyo (hagati), perezida wa sena na Anicet Niyongabo (iburyo) icegera ca kabiri c'umukuru wa Sena.

Inama nkeguzamateka y’u Burundi yatoye abagize ibiro vyayo kuri uyu mugoroba.

Ni abantu batatu bagizwe n’umukuru n’ivyegera vyiwe bibiri, muri abo hakaba harimwo umugore.

Iyo nkenguzamateka yatowe itariki 24 ukwezi kwa Karindwi mu matora “atitabwe” n’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi.

Uwari arongoye Inama Nkenguzamateka vy’imfatakibanza, Immaculee Ndabaneze, yemeje ko Reverien Ndikuriyo, atowe ijana kw’ijana kuba umukuru w’Inama Nkenguzamateka.

Umukenguzamateka Reverien yitoje wenyene muri ico kibanza. Abandi bakenguzamateka 38 bari bitavye ibikorwa, bose bamuhaye amajwi. Bwana Ndikuriyo yari asanzwe mu nama nkenguzamateka yahahora, akaba ari nawe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.

Umuntu ukomeye mu butegetsi

Yaranabaye umukuru w’intara ya Makamba y’Ubumanuko bw’u Burundi, ari nayo aserukira.

Reverien Ndikuriyo ari mu bantu bakomeye cane mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Icegera ciwe ca mbere ni umugore yitwa Spes Cartas Njebarikanuye. Avuka mu ntara ya Gitega. Nawe nyene yitoje muri ico kibanza ari wenyene, umuntu umwe gusa akaba ari we atamuhaye canke ngo amwime ijwi. Ni na ko vyagenze kuri Anicet Niyongabo wo mu ntara ya Bururi yatowe kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka. Bwana Anicet Niyongabo aserukira umugambwe UPRONA wemewe na Leta. Muri urwo rwego rw’inama nkenguzamateka UPRONA ikaba ifisemwo abakenguzamateka babiri gusa.

Abagize Inama Nkeguzamateka bose hamwe ni 43 barimwo 36 batowe, abatwa batatu bagenywe, n’abahoze ari abakuru b’igihugu bane boba ari abakenguzamateka bamaho. Uko ari bane ariko nta n’umwe yari yitavye ibikorwa vy’uno munsi.

Umwe muri bo Syvestre Ntibantunganya, we avuga mbere ko arindiriye ibizova mu biganiro. Yagize ati “Iyo amatora atatunganyijwe neza si ubu hageze kujya mu nzego, noca ngira ngo ngiye ndiruka.”

“Amatora atarimo ubwisanzure”

Inama Nkenguzameteka co kimwe n’izindi nzego zavuye mu matora yo mu kwa Gatandatu no mu kw’indwi, abatavuga rumwe na Leta batitavye bavuga ko icuka yabereyemwo kitari ic’amatora yisanzuye kandi yitabwe na bose.

Amezi y’amatora yaranzwe n’intureka ijanye n’imyiyerekano yo kwanka ingingo y’umukuru w’igihugu yo kwitoza ubugira gatatu. Amatora perezida Pierre Nkurunziza yatsinze mu kwezi kwa Karindwi. Ubu n’aho uko bugorovye hakaba humvikana ibigwanisho bimaze guhitana abatari bake.