Ubutegetsi bw'Uburundi bwibaza iki ku bwicanyi bumaze igihe?

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Colonel Jean Bikomagu yiciwe hafi y' urugo iwe ataha.

Colonel Jean Bikomagu, yahoze ayoboye ibiro bikuru vy'intwaramiheto, yishwe ku munsi wa gatandatu.

Ubwo bwicanyi buje bukurikira ubwa general Adolphe Nshimirimana, nawe nyene yigeze kuyobora ivyo biro.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu, yabwiye BBC ngo ntawo kwibaza ko buca igihugu gisubira mu ndyane, kubera ubwo bwicanyi bumaze igihe.

Gervais Abayeho yabwiye BBC ko ubutungane buriko burakora mu kurondera no gushengeza abakoz eubwo bwicanyi.

Abicishije kuri uyo muvugizi wiwe, umukuru w' igihugu yongeye guha indwi imwe inzego zibishinzwe ikiringo c' indwi imwe ngo abishe colonel Jean Bikomagu babe bafashwe bashengezwe.

Ku kibazo c'aho kurondera abagandaguye Adolphe Nshimirimana coba kigeze, Gervais Abayeho avuga ko abagera kuri bane b'abasirikare bamaze gushengezwa.

Abandi ngo baracaronderwa, barimwo abatnu batanzwe amazina, n'amafoto yabo ngo akaba agiye kuzotangazwa.