Nancy Kicungari yatwaye igihembo ca Komla

Image caption Nancy Kicungira, yatsindiye igihembo ca BBC citiriwe Komla Dumor

Komla Dumor yitavye Imana giturumbika mu mwaka uheze, afise imyaka 41.

Nancy Kicungira n'umunyamakuru kuri tereviziyo ya Kenya KTN, akazohabwa akaryo ko kumara amezi atatu kuri BBC i Londres, yimenyereza itangazamakuru.

Umuyobozi ajejwe amakuru muri BBC, James Harding, yavuze ko igihe BBC yabura Komla Dumor, yasa n'iyicitse amaboko, ndetse siyo nyene, n'umugabane wa Afrika.

Ariko rero ngo yanezerejwe no kubona haboneka uyundi munyamakuru akunda uwo mwuga kandi afise impano yawo, bashoboye kubona mw'izina rya Komla.

Igihembo citiriwe Komla Dumor cashizweho na BBC, gihabwa buri mwaka, umunyamakuru w'umunyafrika yerekanye ubuhinga budasanzwe n'umwete muri uwo mwuga, agahabwa akaryo ko gukarisha ubwenge.

Uyu mwaka niwo wa mbere gatanzwe.