Salva Kiir ntiyemeje amasezerano yuzuye

Image caption Perezida Salva Kiir

Aho ni mu gihe isango ntarengwa yahawe n'amakungu rirangirana n'uyu munsi.

Umuhuza mu biganiro vyabera muri Ethiopia yavuze ko uruhande rwa leta rwari rufise ivyo rwifuza kubangirako, rukazoshira igikumu kur'ayo masezerano mu minsi 15 iri imbere.

Umukuru w'umurwi urwanya leta Riek Machar, we yashize igikumu kuri ayo masezearano.

Impande zompi zari zakangishijwe gufatirwa ibihano n'amakungu, kiretse zishize igikumu kur'ayo masezerano bitarenze uno munsi.

Uwujejwe umugabane wa Afrika muri leta y'Ubwongereza, nawe nyene yari muri iyo nama ya Addis Abeba, yavuze ko kino gihe atari ico kwigina.

Intambara imaze hafi umyaka 2 muri Sudani y'epfo imaze guhitana abantu baharurw amu bihumbi mirongo n'abandi.