Ibitero Istambul muri Turkiya

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Dolmabahce, ahabereye igitero

Bene gutabwa muri yompi bafatanywe ibirwanisho birimwo inkoho zirekurira amasasu menshi rimwe, n'ibisasu ntezwantoki.

Ico kibanza kigenderwa n'ingenzi nyinshi kirimwo kandi n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere vyo muri uwo muji.

Abasirikare umunani ba Turkiya bahitanywe n'igisasu catezwe kw'ibarabara mu bumanuko bushira ubuseruko.

Ivyo bibaye mu gihe haheruka kuvyuka intambara hagati y'uwo murwi w'abarwanyi b'aba Kurdes -PKK n'ingabo za leta ya Turkiya.

Abantu baharurwa mu mirongo baramaze kwicwa, kuva amasezerano yo guhagarika intamabra vy'agateganyo yari amaze hafi imyaka ibiri asambutse mu kwezi guheze.