Burundi: Abantu 4 baraye biciwe ku Musaga

Image caption Ibiziga vy'abaraye bagandaguwe mu Gikoto

Abo bantu baguye muri komine Musaga iri mu bumanuko bw'igisagara, mu gace ka Gikoto.

Igihe cisaha zine zo mu gitondo ibiziga vyabo bagabo bane vyari bikiri imbere y'inzu y' ubunywero barimwo basangira umutobe igihe abantu bataramenyekana babarasa.

Abajejwe intwaro n'ababa muri iyo micungararo batari bake bari bashengereye bajumarariwe.

Cyprien Buregeya, arongoye segiteri Gikoto, avuga ko batatu muri abo bishwe bari basanzwe baba aho ku Musaga.

Umwe muri ibo ngo aho habere iryo bara niho yaba akanahadandariza umutobe.

Uwundi umwe yatwara taxi moto, nayo uwundi nawe yari umudandaza.

Muri iyo segiteri Gikoto muri komine Musaga, igipolisi cari ciriwe kirahasaka ibirwanisho.