Ikibanza catewe muri Thailand congeye gukora

Abaje gushengeera muri ico kibanza bakomeza kuhaja, bahaturirira ibimota neza, bahavugira n'amasengesho, banasiga n'amashurwe ahaguye abantu barenga 20 bahitanywe n'igisasu.

Ikibanza cari casambuwe n'ico gisasu congeye gusikurwa neza.

Igipolisi kiracahiga umuntu akekwa ko ariwe yasize isakoshi ahaturikiye ico kibanza, casambishije umuntu anyonga ipikipiki akekwa ko ariwe yamutwaye amukura muri ico kibanza.

Igipolisi kivuga ko bishoboka ko uwukekwa yoba yaciye afata itagisi aja ku kibuga c'indege.

Umukuru w'igipolisi, Somyot Poompanmoung, yavuze ko uwukekwa ategerezwa kuba afise abandi bakoranye ubwo bubisha n'ubwo atasobanuye ibimenyetso.