Abagize leta y'Uburundi batanguye kugenwa.

Image caption Prezida Pierre Nkurunziza arahira

Icegera ca mbere c'umukuru w' igihugu, ni Gaston Sindimwo aturuka mu mugambwe UPRONA wemewe n'amategeko.

Icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu ni Joseph Butore, yari asanzwe ari umushikiranganji ajejwe inyigisho za kaminuza n'ubushakashatsi.

Inama nshingamateka yemeje ayo mazina 2 yari yarungitswe n'umukuru w' igihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Gaston Sindimwo na Joseph Butore bamaze gushika mu ngoro y'amakoraniro

Abo bategetsi bahejeje kugenwa, baciye baja mu ngoro y'amakoraniro mu kigobe, aho vyitezwe ko baca barahira.

Umugambwe UPRONA, waronse amajwi ari munsi ya 5% mu matora y'abashingamateka.

Ibwirizwa nshingiro ry'Uburundi rya kino gihe, mui ngingo yaryo ya 129, ritegekanya ko umugambwe userukirwa muri leta ubwirizwa kuba wabonye amajwi atari munsi ya 5% mu nama nshingamateka.

Mw'ijambo umukuru w'igihugu yashikirije agiheza kurahira, yari yavuze ko agiye gusaba ko iyo ngingo yohinyanyirwa aho yagize ati; "Tuzobija inama n'ingingo mu kuraba ko, bibaye ngombwa, hohinyanyurwa ingingo y'i 129 y'ibwirizwa shingiro".

Ariko iyo ngingo y'129 abasesangura ibwirizwa nshingiro bavuga ko itaraba abashikiranganji basanzwe bagize leta, itaraba ivyegera vy'umukuru w'igihugu.